Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibice 7% vy'abapatiri barahumbisha abana muri Australia
Mw'itohoza ryakozwe mu nzego zitandukanye z'igihugu ca Australia ku kibazo co guhumbisha bishingiye ku gitsina, bivugwa ko 7% vy'abapatiri bose bo mu gihugu bahumbishije abana hagati ya 1950 na 2015.
Ibice 40% vy'abanyeshengero baragirijwe ubwo bugizi bwa nabi.
Abantu hafi 4 500 bavuga ko bahumbishijwe hagati ya 1980 na 2015, niko umurwi "Royal Commission into Institutional Responses to Child Sex Abuse" wabwiwe.
Ivyo abo bantu bahumbishijwe biganye biteye akababaro birasa, niko Gail Furness, umunyamategeko yafashije uwo murwi mu gisagara ca Sidney avuga.
"Abana nta muntu yabitaho kandi barahanwa. Nta washaka gutohoza ku birego. Abapatiri n'abandi bihebeyimana barimugwa. Amaparuwase hamwe n'abanyagihugu baho bimuriwe ntibamenya na kimwe kijanye na kahise kabo."
Ibitigiri bigayitse
Kuva mu 1980 na 2015, abana 4 444 barahumbishijwe mu bibanza birenga 1 000 vy'abihebeyimana muri Australia, niko umupfasoni Furness avuga.
Imyaka yo hagati y'abo bana bahumbishijwe ku bijanye n'igitsina ni 10.5 ku bakobwa na 11.5 ku bahungu. Vyafashe imyaka 33 ngo ayo makuru atangure gusohoka.
Ku munsi wa mbere, umupfasoni Furness yavuze ko ibice 60% vy'abakorewe ayo mabi ari abo mu mashengero y'abemera ariko bibiri vya gatatu vyabo bigizwe n'abo mu masengero y'abakatolika.