Bivugwa ko abazungukazi benshi basigaye barondera gusa n'abiraburekazi

"Sinigeze mbagwa, sinshobora gukuraho iminwa yanje. Sinshobora gukuraho 'ibisusu vyanje vy'ibiterano'."
Ukwezi kuraheze Aga Brzostowska avugwa ko ari "Blackfish.
Ni ijambo risigaye rikoreshwa ku mbuga hwaniro, ku muntu yagirizwa kwigira umwirabure canke imvange (umuzungu n'umwirabure).
Ibivugwa ko Aga yama abesha ku bijanye n'ubwoko bwiwe ni bishasha kuri we.
Uwo munyeshuli w'imyaka 20 wo kuri kaminuza ya Birmingham yabwiye Radio 1 Newsbeat ko urukoba rwiwe rusanzwe "ruteruka".
Ariko aremera ko yama arondera ngo urukoba rwiwe ruse n'uruhinze.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya Instagram ubutumwa, 1
"Ku bijanye n'ibintu vyo kwiyanika ku zuba, sinibaza ko hari ikintu nakoze mu buryo bubi".
Avuga ko naho yahisemwo kugira umubira uhinze, ko adahakana "iciza co kuba umuzungu" - ariko yipfuza kubwira abamurtyoza "ivyo mwibaza si vyo".
Aga asaba ko yokwitwa Alicja yavuze ati: "Kuri ivyo sinumva ko nohagarika...kubera iki nohagarika ikintu kingirira akamaro canke nkunda?
Alicja ni umwe mu bakobwa b'abazungu bafise ijambo kuri Instagram bagirizwa ko bihinduye ngo base n'abakobwa b'abirabure.
Abantu baraba amafoto yabo bavuga ko bafise urukoba rw'irangi rihinze cane, iminwa minini, amatako n'ibisusu binini, hamwe n'imishatsi itsivye nk'iy'abirabure (curls, braids).
Umukobwa wo muri Suède, Emma Hallberg, afise abantu 260.000 bamukurikira kuri Instagram, ari mu bavugwa cane.
Vyabaye ngombwa ko yisigura inyuma yaho amafoto yiwe abiri avugiwe cane ku mbuga hwaniro.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Abonye ayo mafoto, uwitwa Niccole Nero Gaines yagize ati: "Mwa bakobwa bera mwipfuza kwihindura abirabure, ni kubera iki mutokoresha imbuga zanyu ngo murwanye akarenganyo n'ikumira rikoregwa abantu birabura. Yaco mupfa kubiyitirira."
Emma nawe yishuye ati: "Nta kundi kuntu nibona atari nk'uwera." "Naragiye ku zuba ndahinduka mu buryo busanzwe."
Hari amafoto ya Emma nayo nyene yavuzwe cane kuri Twitter.
Iya mbere ni iyo afise imyaka 13, iyindi ni iyafashwe vuba.

Ahavuye isanamu, Aga Brzostowska
Alicja avuga ko ubudasa buri kuri ayo mafoto abiri busanzwe - butewe no gukora ikarashishi, nuko yasa n'uwaruhutse avuye mu karuhuko yisukishije.
Avuga ati: "Birantera iteka kuba umu Polonaise ariko sinzi igituma nsa gurtya - uko meza ni uko mubona. Ntaco nobafasha ngo nuko mfise iminwa minini itamenyerewe muri Pologne."
Ku bijanye n'imishatsi, umugenzi wa mutoya wa Alicja yatanguje sosiyete y'imicatsi, aca yipfuza gukoresha umutwe wiwe mu mafoto.
"Sinibaza vyinshi kuriyo. Ndakunda ingene nca nsa."
Kubera iki bivugwa cane?
Ingeso yo kwisesha n'abiraburekazi (Blackfishing) yatanguye kuvugwa cane kuva aho umwanditsi Wanna Thompson abicishije ku mbuga yiwe ya Twitter, yerekanye abakobwa bavugwa ko bigize abiraburekazi canke imvange (métisses).
Hari abantu bibaza igituma ivyo vyotera ikibazo.
Dara Thurmond, umuforomakazi wo muri leta ya New York yavuze cane ku bijanye na " blackfishing" yabwiye Radio 1 Newsbeat ko abirabure "bagumye uko bameze" bamye "babonwa nabi".
Avuga ko agashavu gaturuka ku kuntu abagore b'abazungu bashaka kwihindura abirabure batazi "ingwano abakobwa b'abirabure bakoze kugira ngo bashobore kwemegwa ukwo bari".

Ahavuye isanamu, Dara Thurmond
"No muri kino gihe mu buzi bumwe bumwe, abakobwa b'abirabure ntibashobora kuja ku kazi n'imishatsi yabo y'amavuko. Bategerezwa gushirako imiterano.
"Bategerezwa kugorora imishatsi (défrisage), kuko iyo ugiye ku kazi n'imishatsi y'ikinyafrika (afro), canke watsivye bavuga ko ata suku ririmwo - ntivyemewe mu kazi.
Jaiden Gumbayan w'imyaka 19, aturuka i Jacksonville muri leta ya Florida, nawe nyene yagirijwe kwihindura umwirabure.
Nka Alicja, avuga ko ategera ivyo avugwako, ariko ntiyemera ko yoba yahinduye ubwoko bwiwe.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya Instagram ubutumwa, 2
Avuga ko hari "umupaka hagati yo gushima no kwiyitira".
Uwundi muntu akunze kuvugwa mu vyo kwihindura nk'abirabure ni Kardashian.
Ni kuberako Kim yagirizwa kuba yafashe imico y'abirabure kenshi mu myaka myinshi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyifato ya Kardashian yaravuzwe cane ko yatumye abakobwa bakiri bato baja mu vyo kwibagisha barondera ubwiza.
Dara avuga ko atatangaye cane igihe yumvise ibijanye no kurondera gusa n'abiraburekazi (blackfishing).
"Turi tuja mu bihe aho ubona abakobwa birabura biyerekana ukwo bari mu bwirabure bwabo, ntibabe bakigira isoni y'ico bari.
"Kuri ivyo birumvikana igituma ibintu nkivyo biba - nibaza ko ari kuberako abantu bamwe bamwe canke abazungukazi bibaza ko batakiri akarorero. Ubu bagerageza guca mu nzira nshasha kugira bagume bavugwa."
Abandanya agira ati: "Ni vyiza kumenya ubudasa bw'abantu mwakuranye."
"Ariko iyo bishitse aho wifata nk'imvange (métisse) utariyo...niho ingorane zitangurira.
Jaiden avuga ko ivyamushikiye vyamwigishije ko hari "izindi nzira zo kwerekana ivyo umuntu yashimye".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya Instagram ubutumwa, 3
"Turashobora gushima imico yabo tutiriwe turakora imishatsi nkuko bayihingura, canke ngo twigenze uko tudasanzwe turi."
Alicja avuga ko hari abantu bamusavye kwiyica igihe ashiriye amafoto yiwe ku mbuga hwaniro.
Avuga ko abavuga ko yihinduye umwiraburekazi bisigura ko agiye "kwitonda" asubiye gushira ama "tresses" ku mutwe.
"Bimpaye icigwa, ngiye gufata nkama ivyo bavuga, ata kubesha."
"Ariko ntashobora kurenza mu vyo nokora, igihe nzi ko ata kibi nakoze."










