Umwongereza wa kabiri apfuye arondera igisusu kinini mu buryo bwa BBL

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukobwa agira kabiri w'umwongereza yitavye Imana, inyuma yaho ageragereje kwaguza igisusu mu buryo bwa 'Brazilian butt lift' (BBL), mu makuru yashikiriye BBC.
Ishirahamwe ry'ababaga mu buryo bwo kurondera ubwiza "British Association of Aesthetic Plastic Surgeons" (Baaps), ryavuze ko cari igikorwa ca mbere kigoye mu buhinga bwo kubaga urondera ubwiza.
Ubwo buryo bwo kurondera ubwiza bwamenyekanye cane, biturutse ku bantu babaye rurangiranwa.
Ariko abantu benshi barishira mu kaga iyo bagiye kwibagisha aho bizimbutse mu bindi bihugu, nkuko Baaps igabisha.
'Umwe ku bantu 3000 arapfa'
Uburyo "Brazilian butt lift" (BBL) ni uburyo bwo kubaga urondera ubwiza (chirurgie esthétique) mu kwaguza igisusu, aho ibinure bikugwa ku gihimba c'umubiri, bikinjizwa mu matako.
Baaps yabwiye BBC ko umuntu umwe ku bantu 3000 apfa kw'isi, bitewe n'ingorane zituruka kuri ubwo buryo bwo kubaga.
Mu kwezi kw'umunani, umwigeme w'imyaka 29, Leah Cambridge yarapfuye ariko abagwa ku buryo bwa BBL mu gihugu ca Turukiya.
Uwundi mwongerezakazi yoba afise imyaka nka 20 yarapfuye uno mwaka, nkuko BBC yabishikirijwe, amatohoza ku kungene yapfuye akaba ategekanijwe mu mwaka uza.
Gerard Lambe, akora mu gisata ca "chirurgie esthétique" akongera akaba n'umunywanyi wa Baaps, yasiguye ati: "Ubwo buryo burimwo impanuka nyinshi z'urupfu bitewe nuko igihe binjiza ibinure mu muntu, bishobora kuja mu miringoti y'amaraso, bigashikira umutima n'ubwonko."
'Amatako yanje yarava'
Umugore w'imyaka 23 wo muri Wales - atipfuje ko izina ryiwe rimenyekana - yavuze ko afise ubwoba ku buzima bwiwe inyuma yaho abagiwe mu buryo bwa BBL mu kwezi kwa kabiri muri Turukiya.
Inyuma y'amezi atatu, yabonye intoboro zigwaye ku matako yiwe.
"Sinashobora gutambuka neza," niko avuga.
"Ntababesha, igihe nabona izo ntoboro vyari vyiza kubera ko ivyo binure vyaciye bitangura gusohoka, bituma nsubira gutambuka."
Avuga ko amatako yiwe yavuye ku kiringo c'amezi atatu, impuzu zigatota".
Yongeye ati: "Naranuka. Nahafukisha igitambara gishasha ku munsi.
Nipfuza gusubirayo. Naranezerezwa n'umubiri wanje ntarabikoresha. None raba ingene nagize ngo ntanze amahera make nca mera uku."
'Ingorane zo mu mutwe'
Mu Bwongereza, abagore bakorewe BBL hanze vyabaye ngombwa ko baja kwivuza mu bitaro vya NHS, kubera ko vyari vyagenze nabi, ishirahamwe Baaps rikavuga ko bitwara ico gisata c'ubuvuzi ibihumbi vy'amapawundi.
Abagize ingorane ngo bashobora kumara iminsi 20 mu bitaro, ivyo bigatwara amapawundi £13000 ku mugwayi umwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Cheryl Palmer-Hughes, umunyamategeko akorera kwa Irwin Mitchell, akurikirana ivyo kwibagirisha hanze, avuga ko igitigiri c'ababaza ku ngorane zituruka ku buryo bwa BBL kiguma ciyongera.
"Bamwe mu bagwayi batewe izindi nshato, abandi bamara igihe kirekire bataja ku kazi, abandi bafatwa n'ingorane zo mu mutwe," niko avuga.
"Hari n'abidoga ko ibinure vyatewe mu kibanza kitarico c'umubiri - ku maguru hakuja ku matako."
'Ndacababara'
Umugore wa kabiri yavuganye na BBC ariko atipfuje ko amazina yiwe amenyekana, yavuze ko yagiye muri Turukiya gukoresha BBL mu myaka ibiri irangiye kuberako "igiciro kiri hasi [kurusha mu Bwongereza]".
Yabonanye n'uwugiye kumubaga iminota cumi yonyene, imbere yuko aja gutegwa umuti wo kumutimbisha "anesthésie".
Haheze iminsi mike yaciye afatwa n'inyonko, munyuma arondeye kuvugana n'uwamubaze hamwe n'abaforomakazi, ngo nta numwe yishuye amakete yabarungikira mu buryo bwa "email" canke ubutumwa bugufi bugufi.

Yaciye yinjizwa ibitaro mu Bwongereza, amara ukwezi ataja ku kazi.
Inyuma y'imyaka ibiri, uwo mugore avuga ko acumva ububabare inyuma yaho abagiwe.
Madamu Palmer-Hughes avuga ko abarenga igice mu bakiriya biwe bagiye kwibagishiriza muri Turukiya - ibindi bihugu abantu bakunze kujamwo bikaba ari Hongrie, Ububiligi na Espagne.










