Umuderi mushasha wo kwongereza ibisusu ku bapfasoni

burundi
Insiguro y'isanamu, Ibintu bikozwe nk'ibisusu

Hari umuderi wadutse muri ino minsi I Bujumbura mu Burundi wo kwongereza ibisusu canke kubiha inforo umuntu yupfuza.

Amaduka amwe amwe ameze nk’amezi atanu atanguye kugurisha ibintu bikozwe nk'ibisusu, abagore canke abigeme bambara munsi y'impuzu maze bigatanga iyo mforo.

Jacky Ndikumana n’umwe mu bafise iduka hagati mu gisagra ca Bujumbura, aho benshi bita kuri Village Market, hadandarizwa ibintu bitandukanye harimwo ivyo bintu bimeze nk’ibisusu.

Avuga ko amaze amezi ashika kuri atanu abidandaza kandi abatari bake babigura.

“Nagiye kurangura mu gihugu c'Ubuganda ivyo sanzwe ndandaza, banyeraka ivyo bisusu bamwbira ko uwuvyambaye aca agira iforma nziza. Naciye ndabigura ndabishikanye barabikunda. Mu ntango nazanye 6. Bica bihera ubwo nyene. Nsubirayo nzana ibindi 12, mu kwezi kumwe vyari vyaheze”

Jacky avuga ko ivyo bintu bikozwe nk 'ibisusu bigurishwa hagati y'ibihumbi 40 na 50 vy 'amarundi, bikaboneka ko bizimvye uravye amikoro y’abarundi, ariko ko bigurwa.

“Bose barabigura ariko ahanini n'abagore bamaze kuvyara, usanga baravyibushe bakagira mu nda hanini ariko inyuma ntihagire icongerako.”

Mu maduka aho bidandarizwa usanga usanga hamanitse impuzu z' abana, iz’abakenyezi canke iz’abagabo, ariko nta na kimwe cokwereka ko ivyo bisusu bihadandarizwa.

“Ntituvyerekana. N’iyo tubigurisha tubigira mw'ibanga, kuko ababigura ntibaba bashaka ko hari uwumenya ko babiguze. Barashobora no kuba ari abakiriya batatu baziye rimwe mu mangazini ariko umwe wese ntamenye ico uwundi aje kugura, kandi barondera bimwe”

Abamaze kubigura nta n’umwe avyemanga.

Bamwe mu banyagihugu, cane cane abagabo ntibabishima na gato.

“Uko ateye niko kuba kwankweze, hama nkasanga ari ibihushane. Ntakindi twosubira kuvugana noca ndamusezera. Ari umugore wanje, ko noba namushimye uko ari, yoba ariko aravyongerako ngo aje kwereka nde?”

Abakenyezi bo bavuga ko babona ko ari ibisanzwe kuko ngo baba bashaka gushaza.