Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipolisi c'u Burundi cerekanye umuntu kivuga ko ariwe yagavye igitero mu Ruhagarika atumwe na Alexis Sinduhije
Igipolisi c'u Burundi kivuga ko cataye muri yompi umusore kivuga ko ari we yari arongoye igitero co mu Ruhagarika mu ntara ya Cibitoke cahitanye abantu 26 abandi 7 barakomereka.
Ico gitero muri iyo komine iri ku rubibe rw'u Burundi na Republika ya Demokrasi ya Kongo, cagabwe mu ntango z'ukwezi kwa gatanu.
Dismas Ndayisaba w'imyaka 28 yemanze ko ari umugwanyi w'umuhari Red Tabara urongowe na Alexis Sinduhije, kandi ko uwo munyapolitike ari we yabatumye kugaba ico gitero.
Nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bw'umutekano, uwo musore avuga ko aturuka mu ntara ya Kayanza muri komine Gahombo.
Ngo yafatiwe mu gihugu ca Repubulika ya Demokarasi ya Kongo mu mpera z'indwi iheze.
Dismas Ndayisaba wenyene yemanze ko ari we yari arongoye igitero cahitanye abantu 26 mu ntango z'ukwezi kwa 5 mu gace ka Ruhagarika, mu burengero bw'u Burundi, avuga ko bari cumi na bane.
No mu Gatumba ngo ni Red Tabara yahateye
Uwo musore yemeza ko ari umugwanyi w'umuhari Red Tabara, avuga ko bacumbitse mu duce twa Kitavugampegeri na Kiryama twegereye ahitwa Lemera na Mulenge muri Kivu y'epfo.
Yemanze ko n'igitero cabaye mu ndwi zibiri ziheze muri zone ya Gatumba komine Mutimbuzi cakozwe na Red Tabara.
Avuga ko ibigwanisho bakoresha hamwe n'ivyo bafungura bituruka mu gihugu c'u Rwanda, ariko BBC iracatohoza ayo makuru.
BBC kandi ntishobora kwemeza canke ngo ihakane ivyavuzwe na Dismas Ndayisaba, kuko yabivuze ari mu minwe y'abajejwe umutekano b'u Burundi.
Muri urwo rwego nyene BBC iriko iragerageza kuvugisha umunyepolitike Alexis Sinduhije kuri ivyo yagirizwa.