Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuhungu wa Teodoro Obiang yafatanywe imiliyoni 16 z'amadolari muri Brezil
Ibinyamakuru vyo muri Brezil bivuga ko abategetsi b'ico gihugu bafatanye amadolari arenga imiliyoni 16 n'amasaha y'agaciro abantu bari kumwe na Teodoro Obiang Ngwema, icegera c'umukuru w'igihugu ca Guinee Equatoriale.
Uwo mugabo w'imyaka 48, azwi mu kugura ibintu bizimvye cane, ni umuhungu wa prezida w'ico gihugu gifise ubutunzi bwinshi bw'igitoro.
Igihugu ca Brezil cemera ko amahera yinjira muri ico gihugu atarenga amadolari 2.400.
Ibice 70 vy'abanyagihugu imiliyoni 1.2 baba mu bukene bwinshi.
Prezida Teodoro Obiang Ngwema, umutegetsi wa mbere amaze umwanya munini ku butegetsimuri muri Afrika hamwe n'umuhungu wiwe, bagirizwa gukoresha nabi amahera avuye mu gitoro. Ariko bose barabihakana.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagiriza uwo mukuru w'iguhugu gukandamiza abo batavuga rumwe - ikirego naco ahakana.