Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Guinée Equatoriale: Zahatswe guhindura imirisho
Ubutegetsi bwa Guinée Equatoriale buvuga ko bwatesheje abarondera guhirika ubutegetsi, mu mpera z'ukwezi kwa cumi na kabiri.
Umushikiranganji ajejwe umutekano, yavuze ko hari abacangero bari batowe n'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, gutembagaza leta ya Prezida Teodoro Obiang Nguema.
Niburiburi abantu 30 bitwaje ibigwanisho barafashwe vuba mu gihugu ca Cameroun, hafi y'urubibe ico gihugu gisangiye na Guinée Equatoriale.
Bivugwa ko abo bantu bikekwa kuba abacangero boba bavuye muri Tchad, Cameroun na République Centrafricaine.
Bwana Nguema atwaye Guinée Equatoriale imyaka 38, leta arongoye igakunda kwagirizwa ingeso y'ibiturire hamwe no guhonyanga agateka ka zina muntu.