Teodorin Obiang: Icegera ca prezida wa Guinee Equatoriale yaciriwe igipfungo mu Bufransa

Sentare imwe yo mu Bufaransa yaciriye urubanza rwo gupfungwaimyaka itatu yidegemvya icegera ca prezida wa Guinee Equatorialwe, Teodorin Obiang.

Obiang w'imyaka 48 ni rurangiranwa kubera ingene yifata nk'umuntu w'ikirenga.

Ni umuhungu wa prezida w'igihugu ca Guinee Equatoriale kiri muri Afrika y'uburengero.

Ntiyari muri sentare igihe yagirizwa kunyuruza itunga ry'igihugu.

Ubutunzi afise mu Bufaransa buzofatirwa, harimwo inzu y'akarorero iri mu gace ka Avenue Foch mu gisagara ca Paris.

Yaciwe kandi n'ihadabu rya miliyoni 30 z'ama Euro.

Obiang yagirizwa gukoresha amahera ya reta mu kwinezereza mu gisagara ca Paris mu Bufaransa.

Mu bintu yaguze muri ayo mahera harimwo kugura amazu agezweho afise agaciro karenze amadolari imiliyoni 100, ubwato bugezweho bufise uburebure bw'imetero 76, imodoka nyinshi zigezweho nka Bugatti, Ferrari na Rolls Royces.

Abajejwe amatohoza mu Bufaransa baza baramaze kumutegeka gusubiza itunga asiyo harimwo inzu ifise agaciro ka miliyoni 30 z'amadolari i California mugace Michael Jackson yabamwo.

Se wiwe, Teodoro Obiang Nguema ari ku butegetsi kuva mu 1979 kandi ni we prezida wo muri Afrika amaze imyaka myinshi ku butegetsi.