Beyonce na Jay-Z basohoreye hamwe album

Beyonce na Jay-Z batangaje abakunzi babo mu gusohorera hamwe album: "Everything is Love".

Vyari vyavuzwe cane ariko ubu ngiyo yasohotse; yitwa "Everything is Love" kandi umuntu arashobora kuyironka ku mbuga ya Jay-Z.

Beyonce niwe yatangaje ayo makuru mu gisagara ca Londres bashimira abakunzi bagiye kubaraba mu rugendo barimwo.

Yagize ati: "Kuberako tubakunda cane, turabafitiye ikintu gihambaye."

Iyo video yarerekanywe ikaba irangirira ku butumwa 'ALBUM OUT NOW'.

Iruhande y'iyo album hari video y'iminota itandatu yasohowe.

Ikoze ku buryo ubona koko ko ari iya Beyonce na Jay, ikaba yakorewe mu nyubakwa ndangamuco y'i Louvres mu gisagara ca Paris.

Itangura abo bantu babiri bahagaze imbere y'igishusho ca Mona Lisa.

Igabisha: Ino video irimwo amajambo bamwe bosanga ari nko gusotorana.

Ino niyo album ya mbere bakoreye hamwe, ikaba yavuzweko isa n'iyo guhimbaza ubukwe bwabo hamwe n'amamuko yabo y'abirabure.

Album Beyonce yaheruka gusohora Lemonade mu 2016 yavuga ku bijanye no kurenga ibigo.

Inyuma y'umwaka, Jay-Z yarasavye ikigongwe muri album yasohoye 4:44.

Abakunzi banezerejwe n'iryo tangazo hamwe n'iyo video.

Abantu benshi batangaye kubona bafatiye amashusho mu nyubakwa ndangamuco iri mu zikomeye cane kw'isi.

Muri iyo Album y'indirimbo icenda abo bantu babiri baravuga ivy'umubano wabo, bakongera bakavuga no kuri Prezida Trump.