Beyonce na Jay-Z basohoreye hamwe album

Jay-Z na Beyonce

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jay-Z na Beyonce
Igihe co gusoma: iminota 2

Beyonce na Jay-Z batangaje abakunzi babo mu gusohorera hamwe album: "Everything is Love".

Vyari vyavuzwe cane ariko ubu ngiyo yasohotse; yitwa "Everything is Love" kandi umuntu arashobora kuyironka ku mbuga ya Jay-Z.

Beyonce niwe yatangaje ayo makuru mu gisagara ca Londres bashimira abakunzi bagiye kubaraba mu rugendo barimwo.

Yagize ati: "Kuberako tubakunda cane, turabafitiye ikintu gihambaye."

Beyonce na Jay-Z muri video y'umuziki wabo mushasha

Ahavuye isanamu, Beyonce/Youtube

Insiguro y'isanamu, Beyonce na Jay-Z muri video y'umuziki wabo mushasha

Iyo video yarerekanywe ikaba irangirira ku butumwa 'ALBUM OUT NOW'.

Iruhande y'iyo album hari video y'iminota itandatu yasohowe.

Ikoze ku buryo ubona koko ko ari iya Beyonce na Jay, ikaba yakorewe mu nyubakwa ndangamuco y'i Louvres mu gisagara ca Paris.

Itangura abo bantu babiri bahagaze imbere y'igishusho ca Mona Lisa.

Igabisha: Ino video irimwo amajambo bamwe bosanga ari nko gusotorana.

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa

Ino niyo album ya mbere bakoreye hamwe, ikaba yavuzweko isa n'iyo guhimbaza ubukwe bwabo hamwe n'amamuko yabo y'abirabure.

Album Beyonce yaheruka gusohora Lemonade mu 2016 yavuga ku bijanye no kurenga ibigo.

Inyuma y'umwaka, Jay-Z yarasavye ikigongwe muri album yasohoye 4:44.

Beyonce & Jay Z

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Beyonce yavuze mu 2016 ati : "N'ubwo ubuzima ari intambara, urukundo rurashira gahoro gahoro iyo incuti zitarwanye"

Abakunzi banezerejwe n'iryo tangazo hamwe n'iyo video.

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

Abantu benshi batangaye kubona bafatiye amashusho mu nyubakwa ndangamuco iri mu zikomeye cane kw'isi.

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

Muri iyo Album y'indirimbo icenda abo bantu babiri baravuga ivy'umubano wabo, bakongera bakavuga no kuri Prezida Trump.