Prezida Trump yateranye amajambo n'umuririmvyi Jay-Z

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Donald Trump yishuye umuririmvyo Jay-Z yamwise "agakoko gateye ubwoba" ananebagura ingene afata abantu b'abirabure.
Mu butumwa bwiwe kuri twitter, Trump yavuze ko " igitigiri c'abanyamerika batagira akazi bivugwa ko bubaye ubwa mbere kija hasi cane !" kubera politike yiwe.
Abanyamerika bamuka muri Afrika batagira akazi bashika ku bice 6,8%, kikaba ari igiharururo kiri hasi cane kitari bwigere kiboneka.
Ariko abamunebagura bavuga ko u utunzi bwatanguye kwiyongera ku butegetsi bwa Obama kandi ko igitigiri c'abantu batagira akazi b'abirabure kibandanya kuba hejuru gusumba mu bazungu.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mu kiganiro ca Van Jones Show ca CNN, Jay-Z yavuze ko utamenye ingene abantu batagira akazi kwoba "ari ukutitaho uko ibintu vyifashe".
"Si ikibazo co kubura amahera gusa gikomeye-amahera ntazana umunezero...uku ni ukunanirwa kumenya ukuri. Fata abantu nk'ikiremwa muntu...ico ni co gikuru."
Yavuze kandi ko ugutorwa kwa Trump kwavuye kukunanirwa gutorera inyishu ibibazo vyinshi.
"washize ibimoga neza mu mwanda," ni ko yavuze. "Ugize ivyo uba ushaka ko udukoko tuvuka. ushizemwo ibimoga neza utuma utundi dukoko tuza kuko ntuba uriko uratorera inyishu ico kibazo."
Ntuba utaye umwanda hanze, ubandanya ushirako ibimoga neza hejuru kugira abantu bawemere uko. Ibintu nk'ivyo bibaye, uba uriko urikwegera udukoko tubi cane. Ubu rero agakoko dufise gakomeye cane ni Trump."
Jay-Z yashigikiye Barack Obama igihe yari ku butegetsi, kandi yarashimagije Hillary Clinton mu matora yo mu 2016, aho Trump yatahukana intsinzi.
Yarabajijwe kandi ku majambo ya Trump yavuze ko ibihugu vya Afrika ari ivyo "umucafu".
Ivyo bikaba vyatumye anebagurwa n'abategetsi b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, hamwe n'ibihugu vya Botswana na Ghana.










