Nigeria na Kenya mu mugambi wo kugwanya Ebola yova muri RD Congo

Bubaye ubugira cenda ikiza ca Ebola caduka muri Repubika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bubaye ubugira cenda ikiza ca Ebola caduka muri Repubika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Leta ya Nigeria n'iya Kenya zigiye gufata ingingo zofasha mu kwirinda ko ikiza ca Ebola gitandukira ivyo bihugu kizananye muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo).

Bivugwa ko ingenzi ziva muri Congo n'ibihugu bibanyi vy'ico gihugu, zizosuzumwa co kimwe n'izica ku mipaka yo hasi.

Ubutegetsi bwa Nigeria buvuga ko buriko buraraba ingene bworungika abahinga gufasha mu gisata c'ubuvuzi muri Congo.

Abo mu gisata c'ubuvuzi bigishwa ingene bahangana n'indwara ya Ebola muri Congo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abo mu gisata c'ubuvuzi bigishwa ingene bahangana n'indwara ya Ebola muri Congo

Ku munsi wa kabiri abategetsi ba Congo bamenyesheje ko abantu babiri kuri 17 bikekwa ko banduye bapfuye bishwe na Ebola.

Amakuru aca ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko ico kiza gishobora kuba camaze gutandukira igihugu c'Uburundi.

Soma ibindi bisa n'ivyo