Congo yasubiye kurangwamwo ikiza c'indwara ya Ebola

Ahavuye isanamu, Getty Images
Leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yasubiye guhura n'ibibazo vyo guhangana n'ikiza c'indwara yica cane ya Ebola, ku nshuro igira icenda.
Umugwi w'abahinga mu bumenyi uno munsi werekeje mu muji muto wa Bikoro, uri ku nkengero z'ikiyaga Tumba mu ntara ya Equateur.
Muri ako karere haramaze kwigaragaza n'imiburiburi abantu babiri banduye indwara ya Ebola.
Bivugwa ko iyo ndwara yatanguye kwibonekeza mu kwezi kwa cumi na kabiri, ariko ibitigiri vy'abo yahitanye canke bakayikira ntibizwi.
Abajejwe intwaro bavuga ko hari abantu 21 bikekwa ko banduye iyo ndwara, 17 bakaba barahasize ubuzima, aho hakaba ari i Bikoro honyene.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bubaye ubugira icenda iyo ndwara yaduka muri Kongo, aho umugera wayo watowe ubwa mbere kw'isi mu myaka y'1970.
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara, OMS, ryatangaje ko rimaze gusohora amahera angana n'umuriyoni w'amadolari yo gufasha mu ntango, ngo kandi abatabara baramaze kuhashika bari kumwe n'abo mw'ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, MSF.






