Congo yasubiye kurangwamwo ikiza c'indwara ya Ebola

Umuntu ariko arapimwa ibimenyetso vya Ebola muri Kongo mu 2014

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bubaye ubugira cenda ikiza ca Ebola caduka muri Repubika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Leta ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yasubiye guhura n'ibibazo vyo guhangana n'ikiza c'indwara yica cane ya Ebola, ku nshuro igira icenda.

Umugwi w'abahinga mu bumenyi uno munsi werekeje mu muji muto wa Bikoro, uri ku nkengero z'ikiyaga Tumba mu ntara ya Equateur.

Muri ako karere haramaze kwigaragaza n'imiburiburi abantu babiri banduye indwara ya Ebola.

Bivugwa ko iyo ndwara yatanguye kwibonekeza mu kwezi kwa cumi na kabiri, ariko ibitigiri vy'abo yahitanye canke bakayikira ntibizwi.

Abajejwe intwaro bavuga ko hari abantu 21 bikekwa ko banduye iyo ndwara, 17 bakaba barahasize ubuzima, aho hakaba ari i Bikoro honyene.

Abagiye gupfuba ahatanywe na Ebola muri Kongo mu myaka 1990, ico gihugu kicitwa Zaire

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abamaze guhitanwa n'iki kiza kuva mu kwezi kwa 12 ntibaramenyekana, ariko i Bikoro bavuga ko 17 yoba yarabahitanye

Bubaye ubugira icenda iyo ndwara yaduka muri Kongo, aho umugera wayo watowe ubwa mbere kw'isi mu myaka y'1970.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara, OMS, ryatangaje ko rimaze gusohora amahera angana n'umuriyoni w'amadolari yo gufasha mu ntango, ngo kandi abatabara baramaze kuhashika bari kumwe n'abo mw'ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, MSF.