Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria na Kenya mu mugambi wo kugwanya Ebola yova muri RD Congo
Leta ya Nigeria n'iya Kenya zigiye gufata ingingo zofasha mu kwirinda ko ikiza ca Ebola gitandukira ivyo bihugu kizananye muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo).
Bivugwa ko ingenzi ziva muri Congo n'ibihugu bibanyi vy'ico gihugu, zizosuzumwa co kimwe n'izica ku mipaka yo hasi.
Ubutegetsi bwa Nigeria buvuga ko buriko buraraba ingene bworungika abahinga gufasha mu gisata c'ubuvuzi muri Congo.
Ku munsi wa kabiri abategetsi ba Congo bamenyesheje ko abantu babiri kuri 17 bikekwa ko banduye bapfuye bishwe na Ebola.
Amakuru aca ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko ico kiza gishobora kuba camaze gutandukira igihugu c'Uburundi.