Nigeria na Kenya mu mugambi wo kugwanya Ebola yova muri RD Congo

Leta ya Nigeria n'iya Kenya zigiye gufata ingingo zofasha mu kwirinda ko ikiza ca Ebola gitandukira ivyo bihugu kizananye muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo).

Bivugwa ko ingenzi ziva muri Congo n'ibihugu bibanyi vy'ico gihugu, zizosuzumwa co kimwe n'izica ku mipaka yo hasi.

Ubutegetsi bwa Nigeria buvuga ko buriko buraraba ingene bworungika abahinga gufasha mu gisata c'ubuvuzi muri Congo.

Ku munsi wa kabiri abategetsi ba Congo bamenyesheje ko abantu babiri kuri 17 bikekwa ko banduye bapfuye bishwe na Ebola.

Amakuru aca ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko ico kiza gishobora kuba camaze gutandukira igihugu c'Uburundi.

Soma ibindi bisa n'ivyo