Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abacuraranzi Diamond na Nandi basavye ikigongwe ku ma video yo ku mbuga
Umuririmvyi rurangiranwa wo muri Tanzaniya, Naseeb Abdul, batazira Diamod Platnumz na Faustina Charles, azwi kw'izina rya Nandi, bavuye mu gacerere basaba ikigongwe ku masanamu yabo ya video yazungurutse ku mbuga hwaniro, avugwa ko ateye isoni.
Inyuma yaho ayo mashusho agiriye ku mbuga hwaniro, abantu benshi barayidogeye bavuga ko ata rupfasoni arimwo, kandi ko atajanye n'imico hamwe n'amategeko yo mu gihugu ca Tanzaniya.
Avugana n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane mu bushikiranganji bw'itumanako muri Tanzaniya, Diamond yemeye ko yakosheje, asaba ikigongwe.
Diamond yagize ati: "Hari amashusho ya video anyerekeye ubona ko atari meza vy'ukuri.
"Ku migenzo ya kera umuntu ayaravye yosusumira ariko muri kino gihe... mbona twoyareka tugakora ibintu ubona ko ari vyiza. Ku muntu yoba yarahungabanije, ni twihanganiranire, tugirirane ikigongwe".
Kwiga amategeko
Diamond avuga ko biturutse ku vyabaye, ko vyamuhaye akaryo ko kwiga amategeko atandukanye no kuyakurikiza.
Uwo mucuraranzi yagize ati: ''Mu gihe leta idushigikiye kugira ngo umuziki wacu ushike kure, tuvyifashemwo nabi tuba duciye inkokora abategetsi barondera guteza imbere igisata c'imico kama".
Nandi ngo"yiyanse"
Umucuraranzi Nandi nawe nyene yasavye ikigongwe muri iyo nama n'abamenyeshamakuru agira ati: "Ndanezerejwe no kubona nashitse hano nkahakura ubumenyi.
"Nize ko bidakwiye gufata amashusho umuntu ari gusa ukazishira ku mbuga hwaniro, niyanse cane ku vyabaye kirya gihe kuko yari video idakwiye gusohoka hanze''.
Nandi yavuze ko agiye gucira agace abandi baririmvyi hamwe n'urwaruka rukoresha imbuga hwaniro, bashikiwe n'ivyamubayeko, vyari mw'ibanga mu nyuma bikaja ku mugaragaro.
Nandi yasavye ikigongwe abafana biwe n'abagenzi ku mabi yaturutse kuri izo video.