Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ramaphosa yiyemeje gusununura ubuzima bw'abanyagihugu
Uwatorewe kuba umukuru w'igihugu mushasha wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, yabwiye inama nshingamateka ko azokorana n'imigambwe yose mu guteza imbere ubuzima bw'abanyagihugu.
Aho yafata ijambo mu nama nshingamateka haciye umwanya mutoyi atowe, bwana Ramaphosa yavuze yuko kurwanya igiturire biri mu bintu nyamukuru azibandaho.
Yahejeje ijambo ryiwe rigufi yiyemeza gukora yivuye inyuma kugira ntaze atenguhe Abanyafrika y'epfo.
Bwana Ramaphosa, umugwizatunga yavyungukiyemwo cane, arongoye umugambwe uri ku butegetsi ANC kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Ka mukuru w'igihugu, ashikiriye ubutegetsi igihugu kiri mu bibazo vy'ubutunzi hamwe n'ukutumvikana mu mugambwe.