West Ham yahagaritse uwugena abakinyi muri iyo kipe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi wa Premier League mu Bwongereza, West Ham, wahagaritse mu mabanga vy'agateganyo umuyobozi ajejwe kugena abakinyi, Tony Henry, ku bivugwa ko umugwi utazosubira kugura abakinyi b'Abanyafrika.
Ikinyamakuru Daily Mail cavuze ko Henry yavuze ko abakinyi baturuka muri Afrika "batera akajagari" iyo badashizwe ku rutonde rw'abakina.
Mw'itangazo, West Ham ivuga ko itazokwihanganira uburyo ubwaribwo bwose bw'ivangura ko "kurivyo ko yafashe ingingo uravye ubukomezi bw'ibirego".
Henry yahagaritswe mu kurindira ikiva "mw'itohoza rirambuye".
Iryo tangazo ribandanya rivuga riti: "Umuryango wa West Ham United ujamwo abantu bose, ata kuraba igitsina, imyaka, ububangutsi, urukoba, idini canke aho umuntu ahagaze ku vy'amabanga mpuzabitsina.
"Umuntu wese ategerezwa kwiyumva ko yakiriwe neza kandi ko ari mu muryango. Nta yandi majambo umugwi uzoshikiriza gushika itohoza rirangire."
Nta vangura
Uwo mugwi uvuga ko abakozi bose bamenyerezwa ata nkunzi, uko batandukanye kwose, ataho umuntu ahengamiye.
West Ham ifise abakinyi batandatu bafise amamuko yo muri Afrika: Cheikhou Kouyate, Pedro Obiang, Joao Mario, Angelo Ogbonna, Arthur Masuaku na Edimilson Fernandes.
Umukinyi w'imbere aturuka muri Senegal, Diafra Sakho, yavuye muri uwo mugwi muri uku kwezi kwa mbere kwaraye guheze mu gihe c'isoko ry'abakinyi aja muri Rennes, umunya Ghana Andre Ayew nawe aja muri Swansea.
West Ham iri mu kibanza ca 12 mw'ihiganwa Premier League, amanota ane gusa imbere y'imigwi yoca ija mw'ihiganwa ryo munsi (relegation zone).










