Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kashmir: Abapolisi bane baguye mu gitero ca bombe
Abapolisi bane biciwe mu gitero ca bombe mu karere ka Kashmir gategekwa n'igihugu c'Ubuhinde.
Umuvugizi w'igipolisi yavuze ko abo bapolisi bane bariko barakizura mu gisagara ca Sopore, nko ku birometero 50 uvuye mu gisagara ca Srinagar, bacungereye ihagarikwa ry'akaziry'ahamagawe n'abashaka kwiyonkora, igihe ico kibombe caturikira mw'isoko.
Inzu zitatu badandarizamwo zasambutse.
Hikekwa ko abagwanyi bitwaje idini rya Islam ko ari bo bateze iyo bombe.
Muri iyi misi hagiye hariyongera ubwicanyi muri ako karere kari mu matati, kagwanigwa n'ibihugu vya Pakista n'Ubuhinde.