Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuhindi buvuga ko abasirikare babwo 17 biciwe Kashmir
Igisirikare c'Ubuhindi kivuga ko abasirikare cumi n'indwi biciwe mu gitero ku kigo cabo mu karere k'intara ya Kashmir kagenzurwa n'Ubuhindi.
Bane muri abo bateye nabo bahasize ubuzima, bikaba vyabereye ku murongo ufatwa nk'urubibe hagati y'Ubuhindi na Pakistani.
Nico gitero gihitanye abantu benshi muri ino myaka ya vuba.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi, yiyamirije yivuye inyuma ico gitero, abicishije ku rubuga hwaniro Twitter.
Hariko haraba inama y'umutekano yo kurwego rwo hejuru ku murwa mukuru Delhi.
Abantu barenga mirongo umunani baramaze kuhasiga ubuzima mu ntambara yo guharanira kwiyonkora kw'igice c'intara ya Kashmir kigenzurwa n'Ubuhindi, mu ndwi cumi ziheze.