Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imigumuko muri Kashmir yahitanye 18
Hamwe mu habereye imyiyerekano muri Kashmir hari umupolisi yishwe igihe imodokari yiwe yasunikirwa mu ruzi.
Abantu 18 nibo bamaze gupfa bahitanywe n'iyo myirekano yatanguye kuri uyu wa gatandatu.
Abenshi mu bapfuye bahitanywe n'amasasu y'abajejwe umutekano igihe abari mu kirwi batwarwa n'agashavu bagatera ibirindiro vy'igipolsi n'igisirikare.
Ako kaguma kakabuwe n'ubwicanyi bwakorewe umusore Burhan Wani, yari azwi cane nk'umwe mu ndongozi z'abaharanira agateka kabo.
Abantu baharurwa mu bihumbi n'ibihumbi bitabiriye igikorwa co kumushingura.