Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Togo ishigikiye Amerika ku kibazo ca Yeruzalemu
Igihugu ca Togo citandukanije n'ibindi bihugu vya Afrika gishigikira Leta Zunze ubumwe za Amerika isaba ko Yeruzalemu ifatwa nk'umugwa mukuru wa Israeli.
Mu nama y'abanyamuryango yahamagajwe na Onu yo gusaba Amerika ngwireke kwemeza ko Yeruzalemu ari umugwa mukuru wa Israeli, ibihugu 128 vyashigikiye Onu vyitandukanya na Amerika.
Ivyo bihugu birimwo Afrika Yepfo, Nigeria na Ethiopia - vyatoye bishigikira ingingo ya Onu mu gihe ibindi - nka Kenya, Uganda n'u Rwanda - bitashatse kugira ico biyivuzeko.
Ku munsi wa gatatu, Bwana Trump yari yagabishije ko ashobora guhagarika imfashanyo ku bihugu bizoshigikira iyo ngingo ya Onu, mu gihe uwuserukira Amerika muri Onu, Nikki Haley, yari yavuze ko bazofata amazina munyuma bakurikirane ingene ibihugu bitora.
Botswana - igihugu pfampfe ca Amerika - carirengagije iryo kangisha, kivuga ko kitazemera gutegwa ubwoba gitora gishigikira ingingo ya Onu.
Togo ni kimwe mu bihugu icenda vyiyamirije iyo ngingo ya Onu.
Ibindi ni Israeli, Guatemala, Honduras, amazinga ya Marshall Islands, Micronesia, Nauru, Palau na Amerika.