Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Onu mu nama yo guhakana Yeruzalemu nk'umugwa mukuru wa Israeli
Onu iri mu nama y'abanyamuryango ngo yihweze yongere ikoreshe amatora ku ngingo isaba Amerika guhagarika ingingo yafashe kw' igisagara ca Yeluzalemu ari umugwa mukuru wa Israeli.
Ku munsi wa gatatu, Prezida Trump yagabishije ko Amerika ishobora guhagarika imfashanyo ku bihugu bizoba vyemeje iyo ngingo ya Onu.
Imbere yiyo nama, umushikiranganji wa mbere wa Israeli, Benjamin Netanyahu yise Onu "ingoro y'ibinyoma".
Perezida wa Turukiya -- Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko yizeye kw'isi iza guha icigwa kibereye Amerika uno munsi bugorovye.
(Bwana Erdogan yabwiye Bwana Trump ko adashobora kugura ishaka rishingiye kuri demokarasi riri muri Turukiya n'amadolari yiwe.)