Afrika y'epfo: ANC iramutswa Cyril Ramaphosa

Kuri uno wa mbere niho abaserukira umugambwe ANC muri Afrika y' epfo bemeza Cyril Ramaphosa nk' umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi ANC.

Ico kibanza cahiganirwa aba kandida babiri, Cyril Ramaphosa, ari nawe cegera c'umukuru w'igihugu, na Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire, yabaye ndetse umukuru w'Ubumwe bwa Afrika.

Cyril Ramaphosa yarushije amajwi make cane uwo bahiganwa Nkosazana Dlamini Zuma.

Yaronse amajwi 2440, nayo Nkosazana Dlamini Zuma, aronka 2261.

Hagiye haboneka ibibazo vya ruswa biregwa bamwe mu bayobozi ba ANC, barimwo perezida Jacob Zuma ubwiwe.

Kandi impande zishigikiye abo ba kandida babiri zari zihanganye cane ndetse abanyamakuru bavuga ko hagiyemwo no guterana ubwoba, ku buryo abanyamakuru bibaza nimba abaza gutsindwa bashobora kwemera ibiva muri ayo matora.