Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
ANC itewe amakenga n'aba Guptas mu vy'intwaro muri Afrika Yepfo
Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika Yepfo, African National Congress (ANC) wamenyesheje ko utewe amakenga n'igaragaza ry'amakete ya emails yerekana ingene umunyango w'aba Guptas ukoresha ibiturire mu gushira mu kwaha Prezida Jacob Zuma iyo hageze ko afata ingingo.
ANC ivuga ko ibivugwa bituma reta ikugwako icizere ko ayo majambo atarakwiye gushika mu banyagihugu.
Mu mpera y'indwi iheze, umugwi nyobozi wa ANC wafashe ingingo yo kugumiza Bwana Zuma ku burongozi bw'umugambwe, uhejeje kwihweza kazoza kiwe mu nama ibereye mu mwiherero ya kabiri mu mezi atandatu.
Bwana Zuma amaze guhakwa gukugwa n'abo bari kumwe mu mugambwe ANC incuro nyinshi.
Abamwunganira mu rubanza bavuze kw'ayo ma emails ari irementanya, aba Guptas nabo bavuga ko ibiriko birakogwa bishingiye kuri politike.
Umusubirizi wa Bwana Zuma yitezwe gutogwa n'abanya mugambwe mu kwezi kwa 12.