Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amakete ya email yagiriza Prezida Zuma ku biturire
Umukuru w'igihugu ca Afrika Yepfo Jacob Zuma ariko arasuzumirigwa hafi inyuma yaho amakete ya emails y'ingene yoba yakoranye n'aba Guptas mu kunyuruza amahera agiriye ahabona.
Muri ayo mabanga yasohowe n'itangazamakuru rya Afrika Yepfo, bivugwa ko umuryango w'aba Guptas woba waronse wishuwe, amahera arenga imiliyoni 400$ mu vyashara vyo kugura gariyamoshi z'Ubushinwa z'ishirahamwe ry'igihugu.
Muri izo nyandiko, vyibonbekeza ko aba Guptas bagiye bararonka ibihumbi 750$ kuri gariyamoshi imwimwe.
Umuryango w'aba Guptas ntaco uravuga kuri ivyo birego.
Umuvugizi wa Prezida Zuma yavuze ko ivyavuzwe ari irementanya.