Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyiyerekano yo gukura Zuma irabandanya muri Afrika yepfo
Abagwanya Prezida wa Afrika yepfo, Jacob Zuma, batunganije imyiyerekano mu gisagara ca Pretoria mu gihe ahimbaza isabukuru y'imyaka 75.
Abari mu myiyerekano basaba ko yotanga imihoho, bakaba bategekanya gushika ku nyubakwa zitandukanye za Leta, imyiyerekano izoba ikurikiye iyakozwe mu ndwi iheze mu gihugu cose.
Bwana Zuma yavuze ko abamugwanya bafise amacakubiri ashingiye ku rukoba.
Sentare ya Afrika yepfo yihweza imanza zifitaniye isano n'ibwirizwa shingiro, iriko irihweza icipfuzo c'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, isaba ko hotunganywa amatora y'abashingamateka akorewe mu mwiherero, yo gukura canke kugumiza icizere ku mukuru w'igihugu.
Prezida Zuma amaze iminsi yidogegwa inyuma yaho yirukaniye umushikiranganji w'ikigega, Pravin Gordhan, mu kwezi guheze.