Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bangladesh isaba Myanmar gutahukana impunzi
Umushikiranganji wa mbere wa Bangladesh yasavye ashimitse ubutegetsi bwa Myanmar, gutahukana aba Islamu b'aba Rohingya baharugwa mu bihumbi amajana bahunze ubwicanyi buri mu karere ka Rakhine.
Ashikiriza ayo majambo mw'ikambi y'impunzi, Sheikh Hasina yasavye ashimitse ubutegetsi bwa Myanmar kuraba ico kibazo n'umutima runtu, asigura ko abantu b'intungane aribo bariko barapfa.
Aba Rohingya 370.000 nibo bamaze kujabukira hakurya y'urubibe, kuva igihe ubwicanyi butanguriye mu kwezi guheze.
Igisirikare ca Myanmar kivuga ko kigwana n'abagwanyi b'aba Rohingya, kigahakana ko gihiga abasivile.
Ariko benshi mu bahunga bavuga ko inteko za gisirikare zishura ku bitero vy'abagwanyi b'aba Rohingya itariki 25 z'ukwezi kw'umunani, zikabishiramwo ubwicanyi burenze urugero, ziturira n'amazu ngo zitume abo bagwanyi bomoka.