Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Myanmar, Rakhine: Abantu babarirwa mu bihumbi bahungiye ku mupaka wa Bangladeshi
Abantu babarirwa mu bihumbi bahunze ingo zabo nyuma y'imyivumbagatanyo imaze iminsi ibiri muri leta ya Rakhine muri Myanmar.
Abayisilamu bo mu bwoko bw'abanyamucye b'aba Rohingya bahungiye ku mupaka wa Bangladeshi ariko abarinda umupaka wa Bangladeshi bari kubasubiza inyuma.
Imirwano yadutse nyuma y'uko abo mu bwoko bw'aba Rohingya batereye ibiro 30 bya polisi ku wa Gatanu imirwano ikoemza ku wa Gatandatu.
Papa Francis yatakambye ngo aba Rohingya bareke gukomeza kwicwa.
Bakumirwa cyane muri Myanmar yiganjemo aba Buddhist, aho ubushyamirane hagati y'abo mu miryango ya banyamwinshi imaze igihe itutumba mu gihe cy'imyaka myinshi.
Aba Rohingya babarirwa mu bihumbi bari barahunze Myanmar mbere bashinja abategetsi kubahiga no kubabangamira bishingiye ku bwoko bwabo.
Akarere ka Rakhine, gakinnye cyane kurusha utundi muri Myanmar, gatuwemo n'aba Rohingya barenga miliyoni.
Umuyobozi w'ishami rya BBC ritangaza amakuru mu gice cya Aziya na Pasifika, Michael Bristowm avuga ko ubuhezanguni bwa bamwe mu ba Rohingya buterwa n'ikumirwa bakorerwa mu gihugu.
Amir Hossain w'imyaka 61, utuye hafi y'umurenge wa Ghumdhum yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ati
"Nyabuneka nimudutabare. Turashaka kuguma hano n'ahubundi turicwa."
Hagati aho, abaturage bagera ku 4.000 batari abayisilamu batuye mu gace ka Rakhine bimuwe n'ingabo ku bw'umutekano wabo.
Abantu batandatu bishwe igihe bayoberaga mu gace k'imirwano.