Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 4 bagirizwa gufata ku nguvu umupfasoni muri bus muri Maroc bafashwe
Abagabo bane bahagaritswe i Casablanca, inyuma y'aho habonekeye video iberekana bariko barakubagura umupfasoni mu modoka yunguruza abantu.
Iyo video yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi ku wa Mungu, itera agashavu abantu benshi.
Yrekana abo basore bariko baratwenga igiher bariko bakubagura uwo mupfasoni.
Iryo hagaraikwa ryabereye i Casablanca ku musi wa mbere, nk'uko vyamenyesheje n'ishirahamwe ryunguruza abantu rya M'Dina, mw'itangazo ryasohoye mu rurimi rw'igifaransa.
Ryongeyeko ko amatohoza akibandanya.
Itangazo ry'igipolisi rivuga ko umupfasoni w'imyaka 24 yagize ibibazo, ariko ko atigeze abimenyesha canke uwaratwaye iyo modoka ngo abivuge, imbere y'uko iyo video iboneka.
Ishirahamwe ry'amamodoka yunguruza abantu M'Dina, ryishura kubivugwa ko umushoferi atafashije uwo mupfasoni ruavuze:" Gushika ubu, bitandukanye n'ivyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi, ntitwoshoka twemeza ko umushoferi ata co yakoze," bongerako ko iyo video idashikana n'umunota umwe, ari ngufi cane kugira ivyerekane.
Mu kiringo kidashika n'indwi zibiri, ibinyamakuru vyo muri Maroc vyarerekanye video yerekana umugwi w'abagabo uriko urakurikira umupfasoni akiri muto yariko atambuka wenyene mu bisagara co mu buraruko ca Tangier.