Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urupfu rwa Fikri rwakweze imyiyerekano muri Maroc
Abanye Maroc baragize imyiyerekano mu mpera z’iyinga mu bisagara vyinshi inyuma y’aho umudandaza w’ifi umwe agongewe n’ikamyo itwara umwanda, igihe yariko aragerageza gutora ifi ziwe yari yatswe n’igipolisi.
Urupfu rwa Maouhcine Fikri mu gisagara co mu buraruko ca Al-Houciema ku musi wa gatanu, rwatumye haba agashavu ku mbuga ngurukanabumenyi.
Urupfu rwiwe rugereranywa n’urwo uwapfuye yadandaza ivyamwa mu gihugu ca Tunisia mu 2010, rwatumye haba imyiyerekano myinshi.
Umwami wa Maroc, Mohammed VI, yetegetse abo bakorana kuja kugarukira ku muryango w’uwo yitavye Imana.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uburaba agateka ka zina muntu bwiyemeje gutangura amatohoza.