Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Xi Jinping: Prezida w'Ubushinwa yagize urugendo rwa mbere muri Hong Kong nka prezida
Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping yashitse muri Hong Kong guhimbaza imyaka 20 irangiye kuva iyo ntara isubijwe mu minwe y'Ubushinwa n'Ubwongereza.
Urwo rugendo rufise ikimenyetso gikomeye, urwa mbere kuva Xi ashikiriye ubutegetsi mu 2012, rubaye mu gihe hari ukutavuga rumwe muri politike.
Hari ibirori biteguye co kimwe n'imyiyerekano y'abashigikiye demokrasi hamwe n'abashigikiye ubutegetsi bw'Ubushinwa.
Abaharanira agateka ka zina muntu benshi bazwi cane bahagaritswe imbere y'uko prezida Xi ashika.
Umugwi, urimwo n'uwurongoye abanyeshure Joshua Wong, warateguye imyiyerekano mu kibanza kirimwo ikimenyetso co guhanahana ubutegetsi.
Ico gishusho c'inzahabu c'ishurwe rya bauhinia- ikimenyetso c'intara ya Hong Kong- ni akaganuke katanzwe n'Ubushinwa.
Prezida Xi yashitse mu rugendo rw'imisi itatu ari kumwe n'umupfasoni wiwe Peng Liyuan ku kibuga ca Chek Lap Kok. Bakiriwe n'indirimbo hamwe n'abana bazungagiza amabendera.
Mw'ijambo rigufi ku kibuga c'indege, yavuze ko Hong Kong yamwe "iri mu mutima wiwe".