Ubushinwa bwagabishije ku "bwigenge" bwa Hong Kong

Ubushinwa bwavuze ko bushigikiye ingingo zose zijanye n’amategeko ku muntu wese aharanira ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong.

Iryo gabishwa rije inyuma y’aho abashigikiye ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong baronkeye ikibanza mu nama nshingamateka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe ikibazo ca Hong Kong na Macao yavuze ko Ubushinwa buterekwa uguharanira ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong, imbere n’inyuma y’igihugu.

Abanyagihugu benshi ba Hong Kong barabazwa n’ico bise imigambi z’Ubushinwa yo guhonyanga uburenganzira n’ukwishira n’ukwizana vyabo.