Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa bwagabishije ku "bwigenge" bwa Hong Kong
Ubushinwa bwavuze ko bushigikiye ingingo zose zijanye n’amategeko ku muntu wese aharanira ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong.
Iryo gabishwa rije inyuma y’aho abashigikiye ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong baronkeye ikibanza mu nama nshingamateka.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe ikibazo ca Hong Kong na Macao yavuze ko Ubushinwa buterekwa uguharanira ukwishira n’ukwizana kwa Hong Kong, imbere n’inyuma y’igihugu.
Abanyagihugu benshi ba Hong Kong barabazwa n’ico bise imigambi z’Ubushinwa yo guhonyanga uburenganzira n’ukwishira n’ukwizana vyabo.