Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abimukira bo muri Afrika y'Uburengero bapfiriye muri Sahara
Abimukira baharugwa mu mirongo baturuka muri Afrika y'Uburengero boba bapfiriye mu bugaragwa bwa Sahara inyuma yaho imodoka barimwo ipfiriye munyuma bakicwa n'inyota mu ntango z'ino ndwi.
Abarokotse barashoboye gushika mu kigwati co mu buraruko bwa Niger, bigana ingene abimukira 44 bagwiriyemwo abo mu bihugu vya Ghana na Nigeria bishwe n'inyota.
Bivugwa ko bariko baragerageza kuja i Buraya baciye mu gihugu ca Libiya.
Umukuru w'igisagara ca Agadez yemeje ico gitigiri, avuga ko abakozi bo mu muryango w'umusalaba utukura, Croix Rouge, bashitse muri ico kibanza ngo barondere amakuru y'imvaho.
Nkuko vyashikirijwe n'umumenyeshamakuru wo muri ako karere, abapfuye barimwo impinja zitatu, abana bakuze babiri hamwe n'abagore 17.