Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Libiya yasubije inyuma abimukira bagiye i Buraya
Abagenzura inkengera z'igihugu ca Libiya bavuze ko basubije inyuma ubwato butwaye abimukira bagera ku 500, bari bagiye i Buraya imbere yuko bafatwa n'abatabazi mu kiyaga.
Abo bimukira benshi baturuka mu bihugu vyo munsi y'umurongo wa Sahara, Siriya, Bangladesh na Maroc, basubijwe ku mugwa mukuru, Tripoli, aho baciye bapfungigwa mu kibanza c'agateganyo.
Libiya yagiriza ubwato bw'abatabazi bo mu Budagi bugenzugwa n'ishirahamwe "Sea-Watch", kuburagiza ivyo bikogwa ariko umudereva wabwo akaba yavuze ko ubwato bwa Libiya aribwo bwashatse kubaseka.