Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abimukira baragurishwa muri Libya
Amakuru ava mu gihugu ca Libya avuga ko abimukira bafatwa ku mugabane wa Afrika bagurishwa muri bino bihe vya none ku masoko y'abagurano.
Ikigo kigenzura ikibazo c'abimukira kw'isi "International Organisation for Migration" (IOM), kivuga ko gifise ibirego vy'abantu bafashwe n'imigwi y'abagwanyi canke n'abakora urudandazwa rwo kujabukana abantu.
Bavuga ko batwagwa mu bibanza vyo mu bisagara canke aho imodoka zihagarara, bakagurishwa nk'abagurano.
IOM ivuga ko bagigwa imbohe n'ababaguze, bakabakoresha ku nguvu.
Bamwe bategekwa guhamagara imiryango ngo ibarungikire amahera yo kwigomboza.
Hari amakuru avuga ko bakubitwa, bagakoregwa amabi ashingiye ku gitsina, abandi bakicwa.