Uganda: Hemejwe itegeko rihana ivyaha bifatiye ku gitsina

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inama nshingamateka ya Uganda yemeje itegeko rikomeye ku vyaha bifatiye ku gitsina, rivanaho zimwe mu ngingo z'itegeko mpanavyaha ryari rimaze imyaka myinshi.
Izo ngingo zishasha zitegekanya gushiraho igitabo c'igihugu kizokwandikwamwo abahamwe n'ivyaha bifatiye ku gitsina.
Uwo wese yagiriwe n'icaha gifatiye ku gitsina, izina ryiwe zizoca ryandikwa muri ico gitabo mu minsi 10 urubanza rumaze gusomwa.
Bene abo bantu bazotegerezwa kwerekana kahise kabo bagiye gusaba akazi , canke ikibanza cose gituma mu vyo bajejwe haba harimwo kwitaho abana.
Ku ncuro ya mbere kandi, hagiyeho itegeko ryekeye kuburagiza umuntu kw'ibarabara, kwubira umuntu bifatiye ku gitsina ahagaragara, co kimwe no kuburagiza mu bibanza vy'akazi.
Kubwira umuntu amajambo ajanye n'igitsina ahagaragara, kugaragaza umuntu mu buryo butabereye, canke gusaba gukorana imibonano mpuzabitsina kugira umuntu ahabwe akazi, canke atere imbere mu mashure navyo vyashizwe mu bihanwa n'amategeko.
Itegeko rishinga igihano kitari munsi y'imayaka indwi kuri uwo wese akwirakwije amafoto agaragaza umuntu kuri internet canke ku zindi mbuga hwaniro.
Abaharanira ayo mategeko bavuga ko ibi bishobora kugira ico bihinduye ku bahura n'ivyago vyo kwihorwa hakoreshejwe amasanamu y'ubushurashuzi, mu gihe bene ayo masanamu aba avanywe ku rubuga rwa nyeneyo agakwirakwizwa n'uwushaka kumugirira nabi.
Itegeko rishasha rirahana kandi abafata ingendo zo kuza gushurashuza abana co kimwe no gukoresha abana mu bikorwa vy'imibonano mpuzabitsina.
Itegeko ntiryashoboye kuvuga icarico kwemera kugirana imibonano mpuzabitsina. Abashingamateka bahariye iryo tegeko gushika amasaha yitereye ku wa mbere ariko ntibashobora kwumvikana ku vyerekana ko umuntu yabivuyemwo gutyo ingingo yari ijanye n'ico ica iravanwa mu nteguro yahavuye yemezwa.










