Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tiwa Savage na Burna Boy ntibazoja muri Afrika y’Epfo kubera ubwicanyi ku banyamahanga
Umuririmvyi rurangiranwa w'umunya Nigeria, Burna Boy, yarahiye ko atazosubira guhonyoza ikirenge muri Afrika y'Epfo, eka na mugenziwe Tiwa Savage ahagarika igiteramo yari afiseyo.
Mu butumwa yacishije mu rubuga rwa Twitter, Burna Boy avuga ko yaheruka muri ico gihugu mu 2017, kandi ko atazosubirayo gushika leta ya Afika y'Epfo yisubiyeko.
Tiwa Sawage nawe avuga ko ibiriko biraba bikomeye kandi ko atawungukira mu kumeneka kw'amaraso. Ati "kwica uwariwe wese w'umunyafrika bimuraba".
Igipolisi c'ico gihugu carahagaritse abantu batari bake bari muri iyo migumuko imaze iminsi mu bisagara vya Johannesburg, Pretoria n'ahandi. Abantu bashika batanu baramaze kwicwa.
Umukuru w'ico gihugu, Cyril Ramaphosa, n'abandi bakuru b'ibihugu vya Afrika bariyamiriza ivyo bitero.
Umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, yarungitse intumwa muri Afrika y'Epfo itwaye "ubutumwa bwo kwerekana akababaro ku kuntu abanyagihugu baco bafashwe nabi".
Umuririmvyi akomoka muri Nigeria azwi cane no muri Afrika, Tiwa Savage yanditse kuri Twitter ko yiyamirije yivuye inyuma ubwicanyi ku bantu b'iwe muri Afrika y'Epfo.
Ati: "Kuri iyo mvo, sinshobora kuririmba mw'isabukuru rya DSTV ryimirije i Johannesburg ku wa 21 z'uku kwezi kw'icenda".
Tiwa azwi cane mu ndirimbo nka "Eminado" na "All Over" amenyesha ko "kwica uwariwe wese w'umunyafrika bimuraba atarindiriye kuba umunyanigeria gusa".
Mugenzi wiwe Burna Boy nawe akomoka muri Nigeria avuga ko ubwicanyi bushingiye ku rwanko ku banyamahanga buteye kubiri n'ivyo yarwaniye.
Avuga ko Afrika yashigikiye abanya Afrika y'Epfo igihe bariko barwanya intwaro karyanishamiryango y'abazungu ya Apartheid kuva mu myaka ya 1960 gushika mu 1994 irangira.
Burna Boy yanditse ati: "Ndatahura ko abanya Afrika y'Epfo bataye umutwe kubera imyaka bamaze bacurwa bufuni na buhoro, ku buryo basigaye bafata nk'abansi abantu babafashije mu gihe bariko bacurwa bufuni na buhoro, ahubwo bagashimagiza ababahohoteye".
Yongeyeko y'uko hari abanya Afrika y'Epfo "bameze neza, bafise ivyiyumviro birashe, n'aho atari benshi".
Ishavu ryavuye kuri iyo migumuko ryatumye ishami rimwe ry'ikigo c'ubudandaji ca Afrika Afrika y'Epfo, Shoprite, giterwa kikanyagwa urukombamazi muri gisagara ca Lagos.