Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibihugu bimwe vyaburiye ku rwanko ruri muri Afrika y’Epfo
Inyuma y'uruhagarara rwadutse muri Afrika y'Epfo rugatuma amaduka y'abanyamahanga bamwe anyagwa urukombamazi, ibihugu bimwe bimwe vy'umugabane wa Afrika vyerekanye akababaro kavyo biranaburira.
Ibiro vy'ubuserukizi bw'igihugu ca Ethiopia muri Afrika y'Epfo bwasavye abanyagihugu baco kwugara amaduka yabo muri kino gihe kirangwamwo imigumuko yatumye amaduka yo mu gisagara ca Johannesburg anyagwa urukombamazi aranaturirwa, nk'uko vyandikwa n'ikimenyeshamakuru FBC ca leta ya Ethiopia.
FBC ivuga kandi ko abanyagihugu bakomoka muri Ethiopia basabwa "kutisuka mu mishamirano iyo ari yo yose", kandi ko batokwiyerereza bambaye ibisharizo biboneka ko bizimbye.
Aho nyene, ubushikiranganji bwa Zambia bujejwe ubudandaji bwasavye abadereva b'amakamyo "kwirinda gufata ingendo zo muri Afrika y'Epfo gushika umutekano ugarutse".
Ivyo vyatangajwe inyuma y'amakuru avuga ko abadereva b'amakamyo b'abanyamahanga batewe.
Ikinyamakuru ngurukanabumenyi IOL news co muri Afrika y'Epfo, kivuga ko hariho amamodokari atari make yanyazwe.
Leta ya Nigeria nayo iciye ku rubuga rwa Twitter, yashimangiye amajambo yavuzwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wayo Geoffrey Onyeama. Yavuze ko amaduka y'abanya Nigeria yiziziwe, yongera ko ati "ivyo biraturambiye".
Ejo ku munsi wa mbere, umushikiranganji ajejwe igipolisi muri Afrika y'Epfo, Bheki Cele, yavuze ko iyi "migumuko idafise ishingiro" yavuye ku gatima "k'ubukozi bw'ikibi atari urwanko ku banyamahanga".