Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanyamahanga basubiye guhohoterwa mu gusahurwa no gusamburirwako mu Afrika y'epfo
Umushikiranganji wa Nigeria ajejwe imigenderanire yavuze ko ababajwe kandi atewe umwitwarariko n'ugusahurwa hamwe no guturirwa kw'amaduka y'abanye Nigeria muri Afrika y'epfo.
Uwo mushinkiranganji yavuze ko igipolisi kijejwe gukingira abantu ata kamaro gifise.
Amajana y'abantu i Johannesburg biriwe baraturira banasahura amaduka - menshi muri yo vyibazwa ko ari ay'abimukira b'Abanyafrika.
Igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amarira, amasasu ya plastike hamwe n'ibisasu vya grenade bikangana kandi kivuga ko abantu mirongo ine n'umwe bafashwe.
Ubwo bugizi bwa nabi bwatanguriye i Jeppestown, hafi y'akarere k'ubucuruzi, imbere yuko bitandukira mu tundi turere twa Johannesburg.
Umushikiranganji ajejwe igipolisi muri Afrika y'pefo, Bheki Cele, yagendeye akarere ivyo vyabereyemwo aca avuga ko ubwo bugizi bwa nabi butagira izina.