Abanyamahanga basubiye guhohoterwa mu gusahurwa no gusamburirwako mu Afrika y'epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji wa Nigeria ajejwe imigenderanire yavuze ko ababajwe kandi atewe umwitwarariko n'ugusahurwa hamwe no guturirwa kw'amaduka y'abanye Nigeria muri Afrika y'epfo.
Uwo mushinkiranganji yavuze ko igipolisi kijejwe gukingira abantu ata kamaro gifise.
Amajana y'abantu i Johannesburg biriwe baraturira banasahura amaduka - menshi muri yo vyibazwa ko ari ay'abimukira b'Abanyafrika.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amarira, amasasu ya plastike hamwe n'ibisasu vya grenade bikangana kandi kivuga ko abantu mirongo ine n'umwe bafashwe.
Ubwo bugizi bwa nabi bwatanguriye i Jeppestown, hafi y'akarere k'ubucuruzi, imbere yuko bitandukira mu tundi turere twa Johannesburg.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji ajejwe igipolisi muri Afrika y'pefo, Bheki Cele, yagendeye akarere ivyo vyabereyemwo aca avuga ko ubwo bugizi bwa nabi butagira izina.






