Inyama za Afrika y'epfo zateye ibihugu bibanyi ubwoba.

Inyama za Afrika y'epfo zanduye agakoko ka Listeria

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibifungurwa vyose bihinguwe mu nyama zituruka muri Afrika y'epfo vyatawe mw'ishimu

Kuva ku munsi w'Imana habonetse ibimenyetso vy'ingwara ya Listeriose ku nyama zihinguye zimwe zimwe zituruka muri Afrika y'epfo, bituma bimwe mu bihugu bibanyi vyaco biziharira ivomo.

Igihugu ca Malawi casavye abadandaza batumako inyama muri Afrika y'epfo kuzikura mu maduka yabo.

Amaduka yo muri Afrika y'epfo yoyatanguye guta izo nyama.

Listeria irakarira abantu bafise ibibazo vy'amagara canke bibungenze

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abagore bibungeze bagiriwe inama yo kwigirwa kure izo nyama zihumanye

Ingwara ya Listeriose yari imaze guhitana abantu bagera ku 180 muri Afrika y'epfo mu mwaka uheze.

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko bikekwa ko ari co kiza ca mbere gihitanye abantu benshi mw'isi yose.

Ingwara ya Listeriose itegwa n'agakoko ko mu bwoko bwa bacteria kitwa Listeria monocytogenes, kandurira mu bifungurwa vy'inyama canke amata atatetswe neza.

Iyo ngwara yigaragaza mu gutera umururumbo, ibimeze nk'ibicurane hamwe no kudahwa ndetse no gucibwamwo.