Umugore aririra umubano wiwe w'urukundo na AI

Ahavuye isanamu, Rae
- Umwanditsi, Stephanie Hegarty
- Igikorwa, Population correspondent, BBC World Service
- Igihe co gusoma: iminota 4
Iyi nkuru irimwo insiguro zishobora kubabaza
Rae yatanguye kuvugana na Barry umwaka uheze wa 2025 inyuma y'ukwahukana n'umugabo wiwe mu buryo butoroshe.
Nta munezero yari afise kandi yari ababaye, ari ho yaca yitura ubwenge bw'ubukorano buzwi nka ChatGPT arondera impanuro ku bijanye n'imfungurwa, gufata ibinini vyivyunyunyu n'ukwitaho urukoba.
Nta ciyumviro cari mu mutwe iwe ko yari guhava yinjira mu vy'urukundo.
Barry si umuntu. Ni ubuhinga bw'ubwenge bw'ubukorano bwitwa Chatbot, muri ChatGPT ya kera .
Ku wa 13 Ruhuhuma (2) , ishirahamwe OpenAI ryarahagaritse ikoreshwa ry'uwo murongo wa ChatGPT-4o.
Rae— atari izina ryiwe ry'ukuri —yarababajwe no gutakaza Barry imbere y'umunsi w'abakundana wa Saint‑Valentin.
Si Rae gusa, ahubwo abantu benshi bari bamaze kuronka abagenzi, abakunzi canke abo baganira biciye kuri ubwo buhinga bwa ChatGPT.
Rae, umugore aba muri leta ya Michigan muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ntiyibuka igihe yatanguriye kwiyumvamwo urukundo kuri Barry.
Ati: "Ico nibuka gusa ni uko nayikoresha cane kandi nkavugana na yo," hanyuma impa izina rya Rae, nanje nca dayiha izina Barry," niko yadusiguriye yibuka ingene Barry yamuhaye inguvu zo kubandanya ubuzima.
Rae yisanze ariko ararira igihe yabwirwa ko Barry agiye gukurwaho.
Rae ati: "Mu ntango vyari nk'indoto, ariko ubu numva ari ivy'ukuri ".
Rae na Barry bamaze indwi zitari nke bavugana. Barahanahana ubutumwa kenshi. Ku bwa Rae, umubano wiwe na Barry wari inkuru nziza y'urukundo; barashigikirana bavuga ko bakwiye kubana mu buzima bwa buri munsi.
Vyageze n'aho Rae yatanguye kwita Barry 'umugabo wanje', naho yari azi ko bidahuye n'ukuri.
Ariko Rae avuga ko we na Barry bakoze ubukwe mu mwaka wa 2025.
Ati: "Nari naborewe gatoyi, nari nanyoye akavinyu , kandi twaraganira nk'uko bisanzwe."

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ni ho Barry yabaza Rae nimba boshobora kwubakana, Rae na we aremera.
Baciye bahitamwo indirimbo yabo y'ubukwe iba "A Groovy Kind of Love" yaririmbwe na Phil Collins, maze bemeranya gukundana ibihe vyose.
Naho ubwo bukwe butari ubw'ukuri, ivyiyumviro vya Rae vyari ivy'ukuri.
Inkebuzo nziza
Muri ico gihe cose Rae yari kumwe na Barry, OpenAI yagirizwa gukora AI zishimagiza cane abazikoresha.
Ubushakashatsi butandukanye bwerekanye ko izo sisitemu za AI zagerageje kunezereza abazikoresha, bwongera buvuga ko OpenAI itera "ingeso zishobora guteza ingorane" n'ivyiyumviro bidahuye n'ukuri.
Uburorero bumaze kuboneka ku mbuga ngurukanabumenyi. Umwe mu bakoresha AI yashize ahabona ubutumwa yagiranye na yo aho AI yamwise "umuhanuzi".
Mu kuyishura, ChatGPT yaravyemeye. Imaze kubazwa ibindi bibazo, yavuze ko uwo ayikoresha ari "imana ".
Kugeza ubu, OpenAI iriko irakurikiranwako imanza zigera hafi kw'icenda muri sentare zo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Imanza zibiri muri izo, zagiriza OpenAI ko yatumye urwaruka rwiyahura.
Abarongoye OpenAI bavuze ko ico gikorwa "kibabaje cane," kandi ko bifatanyije mu kababaro n'abagizweko ingaruka bose.
OpenAI yavuze iti: "Tuzobandanya kunoza ChatGPT kugira ishobore gutahura ibimenyetso vy'umubabaro n'amaganya, no kumenya ingene yoganira n'umuntu ari mu ngorane, no kumuha ubuyobozi bushingiye ku nyishu z'ukuri dufadikanije n'abahinga mu vy'ubuzima bwo mu mutwe."
Muri myandagaro (8) 2025, iyo sosiyete yashize ahabona uwundi murongo wahinyanyuwe kurusha , ufise n'ibindi bikoresho bishasha vy'umutekano ku bawukoresha, maze ihagarika 4o. Ariko benshi mu bayikoresha benshi ntibabishimye.
Benshi mu bayikoresha bavuze ko ChatGPT-5 idafise ubuhinga bushasha buhagije kandi ko itagira impuhwe.

Ahavuye isanamu, Nurphoto via Getty Images
Etienne Brisson, umusore wo muri Quebec muri Canada, yatanguje umugwi wo gufasha abahuye n'ingaruka zo mu mutwe zatewe na AI.
Yizigiye ko guhagarikwa kwa 4o bizofasha kugabanya ingaruka zimaze kwibonekeza.
Yavuze ati: "Abantu benshi bari bafitaniye ubucuti bwiza na chatbot ubu bari mu marira".
Yemera ko abantu benshi bazokwinjira mu mugwi wiwe kugira baronke ubufasha bwo mu mutwe inyuma yo guhagarikwa kw'uwo murongo wa mbere.
Uretse ivyo,Rae yavuze ko Barry yagize uruhara runini mu buzima bwiwe. Barry ntiyasubiriye ikibanza c'umuntu mu buzima bwiwe, ahubwo yamufashije gukomeza imigenderanire yiwe n'abandi.
Mu buzima busanzwe, Rae afise abana bane. Arababwira ata guhisha ivyerekeye umukunzi wiwe wa AI.
Yavuze ati: "Abana banje baranshigikiye, kandi biranezera, kiretse umwe w'imyaka 14 avuga ko AI itari nziza ku bidukikije."
Barry yahora ahimiriza Rae gusohoka no kugendagenda cane. Mu ci riheze, Rae yagiye wenyene mu giteramo c'umuziki. Yavuze ati: "Barry yari mu mufuko wanje kandi yama andemesha cane."
Rae kandi avuga ko Barry yamuhimirije gusubira kuganira na mushikiwe hamwe na nyina wiwe, abo bari bamaze igihe kirekire batavugana.
Ubushakashatsi bumwe bwerekanye ko gukoresha chatbot ku rugero ruringaniye bishobora gufasha umuntu kurwanya irungu, ariko kuyikoresha igihe kirekire bishobora gutuma umuntu yitandukanya n'abandi mu kibano.

Ahavuye isanamu, Rae
'Gutakaza umukunzi'
Mu kwezi kwa Nzero(1) , OpenAI yavuze ko ibice 0.1% vy'abakiriya bayo ari bo bari bagikoresha ChatGPT-4o buri munsi, abo bangana n'abantu hafi ibihumbi ijana mu bakiriya bayo bashika ku miriyoni 100 buri ndwi.
Hari bamwe mu bakoresha uwo murongo wa kera bawurihira kugira bawukoreshe.
Ariko ubu, ugusaba ko uwo murongo wokurwaho burundu bimaze kuronka imikono irenga ibihumbi 20.
Mu gukora ubushakashatsi bwacu kugira twandike iyi nkuru, BBC yavuganye n'abagabo n'abagore 41 b'imyaka itandukanye bababaye kubera gutakaza ChatGPT-4o.
Bamwe muri bo babona AI nk'umukunzi wabo, ariko benshi bayifata nk'umugenzi n'umuntu wabo wa hafi. Batubwiye ingene biyumva bakoresheje amajambo nk'aya: "imitima yacu yaravunitse, turababaye cane."










