Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika n'ibihugu bikorana bagavye ibitero kuri Siriya
Amerika, Ubwongereza hamwe n'Ubufaransa bagavye ibitero vyinshi mu bibanza bitandukanye vya Siriya kare mu gitondo bahiga ibirimwo ibigwanisho vy'ubumara.
Ivyo bitero vyari ivyo kwishuza igitero c'ubumara, bivugwa ko catewe ku gisagara ca Douma mu ndwi iheze.
Ibisasu vyatewe vyaguye ku mugwa mukuru Damas hamwe no mu bibanza bibiri biri hafi y'igisagara ca Homs, niko ibiro bikuru vya gisirikare vya Amerika, Pentagone, vyavuze.
Uwuserukira Uburusiya muri Amerika yavuze ko ivyo bitero vyagabwe ku gihugu bacuditse"kitazogenda kitagize ingaruka".
"Ibihugu vy'Ubwongereza, Ubufaransa hamwe na Amerika vyashize hamwe inguvu zavyo zihangana n'ubugizi bwa nabi," niko Prezida Donald Trump yavuze mw'ijambo yashikiririje mu biro iwe White House.
"Intumbero y'ibikogwa vyacu muri rino joro ni kugondoza [abo twateye] ngo bareke gukora, gukwiragiza no gukoresha ibigwanisho vy'ubumara," niko yavuze.
Mu nama n'ibigo vy'itangazamakuru inyuma y'ijambo rya Trump, Gen Joseph Dunford yavuze ibibanza bitatu vyagabweko ibitero:
- Ikigo c'ubushakashatsi mu vy'ubuhinga kiri Damas cikekwa mu vyo gukora ibigwanisho vy'ubumara
- Ububiko bw'ibigwanisho vy'ubumara buri mu burengero bwa Homs
- Ububiko bw'ibikoresho vy'ibigwanisho vy'ubumara hamwe n'ibiro bigenzura ibikogwa vya gisirikare biri hafi ya Homs.
Televiziyo y'igihugu ca Siriya yavuze ko igisirikare ca leta casambuye "missiles" cumi na zingahe, ko ikigo c'ubushakashatsi c'i Damas ari co conyene casambuwe.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May yavuze ko igikogwa bakoze "gikwiye kandi gikingiwe n'amategeko."
Umwe mu butegetsi bwa Amerika yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko "missiles" zo mu bwoko bwa Tomahawk arizo zakoreshejwe mu bibanza bitandukanye vya Siriya.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Mattis yavuze ko hagabwe ibitero bingana kabiri ivyari vyagabwe mu kwezi kwa Kane 2017 igihe ikindi gitero c'ubumara cagabwa ku gisagara ca Khan Sheikhhoun aho abantu 80 bishwe.
Umuntu aba mu gisagara ca Damas yabwiye BBC ati: "Ibintu vyayangaye hejuru yacu."
"Nabonye ibisasu birenga 20 bisambura "missiles" bitewe. Vyaduze hejuru cane munyuma bitangura gukata nk'ibikurikiye ikintu.
"Sinabonye ibisasu vya "missiles", ariko nabonye ibimanyu bikoroka hafi yaho nari ndi."