Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya ngo "burazi neza uwagavye igitero c'ubumara"
Igihugu c'Uburusiya kivuga ko gifise ibimenyetso ntahinyuzwa vyerekana ko igitero c'ubumara cagabwe ku banyagihugu muri Siriya, cafashijwemwo n'ikigo c'iperereza c'ikindi gihugu.
Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya n'amakungu, Sergueï Lavrov ntiyavuze igihugu abakozi b'ico kigo c'iperereza boba baje bavamwo.
Moscou ishigikiye leta ya Siriya bacuditse, ivuga ko inyeshamba zo mu gisagara ca Douma arizo zarementanije ivy'ico gitero c'ubumara.
Ku rundi ruhande, ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko isuzuma ryakozwe ku bantu bibasiwe n'ico gitero, ryerekana ko ubumara bwa "chlore" na "sarin" aribwo bwakoreshejwe.
Nta cegeranyo kirasohogwa ku kuntu ico gitero cagabwe, ariko ibihugu vya Amerika n'Ubwongereza vyemeranije ko gukoresha ivyo bigwanisho vy'ubumara bitegerezwa guhanwa.