Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya bugabisha ko gutera Siriya vyokwega ingwano na Amerika
Igihugu c'Uburusiya cagabishije Amerika ko gutera igihugu ca Siriya mu kwishuza igitero yegekwako c'ubumara vyotuma haduka ingwano hagati y'ivyo bihugu bibiri.
"Icihutigwa muri kino gihe ni kwirinda ingwano," niko uwuserukira Uburusiya muri Onu Vassily Nebenzia yavuze ku munsi wa kane.
Yagiriza Washington kurondera gutuma umutekano w'isi yose uhungabana, kandi ivyo ngo "biteye ubwoba".
Ibihugu vy'ibihangange vya Buraya ngo vyoba biriko birategura ibitero, ariko Uburusiya busanzwe bucuditse na Siriya ntibubishigikiye.
"Nta na kimwe tutiteze naho bibabaje," niko Bwana Nebenzia yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y'inama yo mu mwiherero y'akanama kajejwe umutekano ka Onu.
Yavuze ko ibintu bishobora kwunyuka, bitewe nuko Uburusiya busanzwe bufise abasirikare muri Siriya.
Abategetsi bo mu rwego rwo hejuru b'Uburusiya barimwo n'abo mu gisirikare, bavuga ko "missiles" za Amerika zizosambugwa kandi ibibanza zaturutsemwo bigategwa, mu gihe abakozi b'Uburusiya boba bageramiwe.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu muri Amerika, White House, bivuga ko Amerika ikiriko iriga ivy'ico gitero kandi ivugana n'ibihugu bakorana ku kuntu vyogenda.
Hagataho ikigo kigenzura ukudakoresha ibigwanisho vy'ubumara "Organisation for the Prohibition of Chemical Weapons" (OPCW), kivuga ko abahinga bagiye kuja muri Siriya ku munsi wa Gatandatu bagatangura itohoza.