Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indirimbo za Diamond Platnumz ziri mu zaciwe muri Tanzania
Ikigo kijejwe kugenzura itumanaho muri Tanzania cabujije ko indirimbo zirenga cumi zo muri ico gihugu zisubira kuvuzwa ku maradiyo yo muri Tanzania.
Zibiri mu ndirimbo 13 zaciwe ni iz'umuririmvyi rurangiranwa muri Afrika y'ubuseruko, Nassibu Abdul, azwi cane kw'izina rya Diamond Platnumz.
Ikete ryavuye mu biro vy'ikigo TCRA ryandikiwe amaradiyo akorera mu muji wa Dodoma, hagati muri Tanzania, rivuga ko izo ndirimbo zirenga ku mategeko agenga insamirizi.
Nyinshi muri izo ndirimbo zibujijhwe kuvuzwa ziri mu zikunzwe cane mu gihugu ca Tanzania, zikaba zivugije mu njana zitandukanye harimwo Hip Hop, uruvange rwa kama zo muri Tanzania hamwe na R&B.
Indirimbo za Diamond, Hallelujah na Waka Waka, aho aririmbana n'abaririmvyi rurangiranwa kw'isi, umugwi Morgan Heritage na Rick Ross, zimaze kurabwa inshuro zirenga imiriyoni 13 kuri Youtube kuva zasohoka, haciye amezi atandatu.
Kugirana ibiganiro
Uwutunganya ibikorwa vyiwe yabwiye BBC ko ata butumwa buvuye ku bajejwe intwaro bararonka ngo ariko biteguriye kugirana ibiganiro.
Mu vyigeze gushika, abahanzi bahagarikiwe indirimbo baragirana ibiganiro n'urwego rujejwe utugenengene kugira bahindure amajamabo yo mu ndirimbo imbere yuko bahabwa urusha n'abajejwe intwaro, indirimbo zabo zigasubira kwumvikana kw'iradiyo.