Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abaregwa gutuka umukuru w'igihugu muri Tanzania bapfunzwe
Abantu babiri batavuga rumwe na leta ya Tanzania bakatiwe gupfungwa amezi atanu umwe umwe, bagiriwe n'icaha co gutuka umukuru w'igihugu John Magufuli.
Joseph Mbilinyi na Emmanuel Masonga bagirijwe gukoresha imvugo irimwo gutuka umukuru w'igihugu bwana Magufuli, mu bikorane baremesheje mu kwezi kwa cumi na kabiri.
Umwitwarariko utanguye kwiyongera muri Tanzania kubera kutihanganira ababona ibintu mu buryo budasa n'ubw'abari ku butegetsi.
Mu ndwi iheze, abaserukiye ibihugu vya Buraya bavuze ko ibiriko biraba muri iki gihe muri Tanzania bibangamiye inkingi za demokrasi.
Abatavuga rumwe na leta bavuga ko hari abantu bishwe muri iyo minsi iheze bahowe imvo za politike.