Igitero ca "ambulance" kimaze guhitana hafi 100 muri Afuganistani

Ahavuye isanamu, EPA
Ibitaro bitandukanye vy'i Kabul biriko biragerageza gutabara abantu baharugwa mu majana inyuma y'igitero gitwaye abantu benshi cane muri ino myaka ya vuba.
Bivuga ko vyananiwe kuvura abagiriye ivyago muri ico gitero, kubera ko ari benshi cane.
Bivugwa ko niburiburi abantu 95 aribo bamaze guhitanwa n'ico gitero co ku munsi wa gatandatu.
Prezida Trump yahambije abandi mu kwiyamiriza ico gitero, asaba ibihugu vyose gufatira ingingo abagwanyi b'abatalibani kubera ubwo bubisha.
Leta ya Afuganistani yagiriza Pakistani gufasha abo bagwanyi b'abatalibani ariko ubutegetsi bwa Islamabad bukaba bwaheruka kubihakana.






