Igitero ca bombe cishe 63 i Kabul muri Afuganistani

Ubutegetsi bwa Afuganistani bwavuze ko abantu 63 aribo bazwi ko bapfuye mu gitero ca bombe, cakozwe n'abagwanyi b'abatalibani hagati mu gisagara ca Kabul.
Abantu barenga 150 nibo bakomeretse.
Umuvugizi wa leta yavuze ko imodoka itwara abagwaye (ambulance) yuzuye ibisasu, yaturikiye ahantu hari hagwiriye abantu benshi, ishitse kw'ibariyeri y'igipolisi.
Inyubakwa yahoramwo ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati hamwe n'ubuserukizi bw'ibihugu vyinshi, vyegereye aho ico gitero cabereye.
Ico gitero kibaye haheze indwi habaye ikindi gitero c'abatalibani kw'ihoteri ikomeye y'i Kabul, Intercontinental, aho abantu barenga 20 bapfuye.






