'Igitigiri c'ibitero ni kinini cane' – umuturage w'i Tehran yavuganye na BBC

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri iyi ntambara ya Amerika na Israel hamwe na Iran, abamenyeshamakuru ba BBC bararungitswe mu bihugu vyose vyo mu Buseruko bwo Hagati. Naho batari ku butaka muri Irani, bagenzi bacu na bo nyene barashoboye kuvugana n’abantu bamwebamwe bo muri ico gihugu naho internet yacitse.
Ibi ni bimwe mu vyo abantu bariyo batubwiye:
- Salar, yahinduwe izina, ari i Tehran, avuga ati: "Igitigiri c'ibiturika, ivyononekaye, ibiriko biraba - ni ibintu bidasanzwe," abandanya ati: "Umunsi umwe umeze nk’ukwezi. Igitigiri c'ibitero ni kinini cane."
- Hofit Golan aba i Dubai yabwiye BBC News ati: "Ntitumenyereye kubona ibisasu vya misile biriko birafatwa hejuru y'umutwe wacu, nabonye ibisasu vya misile biriko birafatwa hejuru be n'umwotsi kuri [nyubakwa ya] Palm."
- Mohamed, umwe mu baturage bo mu bumanuko bwa Libani bategetswe gusiga ingo zabo kubera ibikorwa vya gisirikare, yagize ati :“Nibavuge ico bashaka, sinzogenda i Beirut kugira mbe mw’ibarabara,” abandanya ati: “Sindi hafi ya Hezbollah canke ibikorwa vyayo, rero nizera ko ata kibi kinshikira.” Hanyuma yongerako ko ahitamwo gupfira i muhira aho guhunga.
- Andrew Crow na Jean Weir, bo mu gisagara ca Glasgow muri Scotland (Écosse), bari bavuye mw'ihoteri ya Fairmont The Palm i Dubai amasaha make imbere y'uko ifatwa n'igisasu gikomeye ku musi wa gatandatu. Andrew yavuze ati: "Urugendo rwo kugaruka rwari rurerure, ariko ubu turaruhutse ko turi muhira."
Izindi nkuru wosoma:



